Amaso n'indwara zayo

Amaso n'indwara zayo Urubuga rwogufashanya gutahura indwara z'amaso n'ukugene umuntu yozirinda

Ico abarundi bakunze kwita uruhumyi rw'ubusaza buterwa hakuru n'indwara "y'agaharage " bita Cataracte mu gifaransa. Iyo ...
26/02/2024

Ico abarundi bakunze kwita uruhumyi rw'ubusaza buterwa hakuru n'indwara "y'agaharage " bita Cataracte mu gifaransa. Iyo ndwara iravugwa umuntu agasubira akabona.

Ukaba ufise uwawe atakibona munyarukane ku muganga w'amaso amusuzume . Ibitaro vy I Karusi biravura kubuntu indwara y'agaharage.

Hari ico mubaza terefona 62353209 - Muganga Désiré.

Kubona nibwo buzima.

21/01/2021

Amarori aratera amaso? Ukuri ku marori.
---------------------------------------------
Ni kenshi na kenshi mu mibano yacu wumva umuvyeyi akariye umwana yigeze amarori ya mukuru we canke umubanyi, amubwira ko nawe ahava arwara amaso. Vyoba ari vyo?

Haba namba amarori ni nk’akabando kurya muntu acumbagira (ico dukunze kwita amabekiye). Kwambara amarori ntivyotuma urwara amaso nkuko gutambukira ku mabekiye bitotuma uvunika.

Amarori avura amaso arimwo umuti?

Turakunze kwumva bavuga ngo amarori arimwo umuti, benshi mbere bakanatinya ko arwako amazi ngo umuti wohava uvamwo. Ariko ukuri nuko mu marori ata muti numwe urimwo.

Itandukaniro riri hagati y’amarori yo gushaza n’amarori avura amaso n’uko amarori yo gushaza ata bushobozi bwo guhindura inzira y’imirongo y’umuco afise, ico twokwita inguvu nkatishamuco zayo zingana n’ubusa (0D), mugihe amarori yagenewe kuvura amaso usana ashoboye gukatisha umuco.
Kwoza amarori ukoresheje amazi ntibigabanya na gato ubwo bushobozi ariko arashobora guharagurika nico gituma vyiza amarori woyahanaguza agatambara hamwe n’amazi yabigenewe.

Ukaba ufise ikibazo kijanye n’amarori candike .

Address

Bujumbura
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Amaso n'indwara zayo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category