01/04/2026
Iyo tuvuga ibihe ndanduramutima ni nk'ivyaraye bibaye aha mu gisagara ca Bujumbura.
Uko rero umwe n'uwundi abibamwo biratandukanye kandi n'ingaruka bishobora kugira kuri uyu n'uriya biratandukanye.
Bivanye nuko ibintu bitari bike biba vyahononekariye haba ibigaragara canke ibitagaragara aha twohera kw'ihungabana rusangi kw'abantu,ugutandukana kw'abantu n'ibintu,gutandukana kw'abana n'abavyeyi,kwibwa ivyawe, eka no kubura ivyawe bijanye n'ubwoba butewe n'ibihe,n'ibindi...
Bivanye nivyo vyose umuntu aba yaciyemwo,ico gihe twumve ko Inyifato uyu canke uyundi ashobora kugira ziratandukanye. Nico gituma icangombwa ni ugutahura ko ivyo bihe biba bidasanzwe mu buzima bw'umuntu maze iyo tubonye uwugaragaza ibishobisho uku canke kuriya twakire uko yiyumva.