Munasa-Twitwararikane

Munasa-Twitwararikane Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Munasa-Twitwararikane, Medical and health, Muyinga.

Kuri uno wa 22/05/2025 hari haramutse hatangwa inkwavu za kijambere ku banywanyi b’ igisata ca Muyinga mu ntara ya Buhum...
28/05/2026

Kuri uno wa 22/05/2025 hari haramutse hatangwa inkwavu za kijambere ku banywanyi b’ igisata ca Muyinga mu ntara ya Buhumuza. Ico gikorwa cari gihagarikiwe na Elie NDIHOKUBWAYO ajejwe iyororero shure ry’inkwavu rya APIC ari nawe yatanze inyigisho zerekeye ubworozi bw’ inkwavu ku banywanyi, akaba yari yaherekejwe na Pancrace RUGEMANKIKO, umunyabigega mukuru wa MUNASA-TWITWARARIKANE.

Ishirahamwe MUNASA-TWITWARARIKANE rifadikanije n’ishirahamwe APIC risanzwe ririfashe mu mugongo ryihaye Ihangiro ry’ uko umunywanyi wese wa MUNASA-TWITWARARIKANE yoronswa n’imiburiburi inkwavu zibiri. Ico gikorwa kikaba kije cisunga imbono ya Nyenicubahiro Umukuru w’ igihugu Gén.Maj Evariste NDAYISHIMIYE yo guteza imbere ubuzima bw’ ingo mu Burundi biciye mu kworora inkwavu, maze inyama zazo, inshato n’umwavu bikavamwo amafaranga yo kw’ ibeshaho.

Twobamenyesha ko iryo tangwa ry’ inkwavu mu gisata ca Muyinga rigize kane inyuma y’ igisata ca Shombo, Rugari na Butaganzwa.

24/12/2025
A part le domaine de santé, la MUNASA-TWITWARARIKANE intervient dans des actions visant l’amélioration des capacités con...
24/12/2025

A part le domaine de santé, la MUNASA-TWITWARARIKANE intervient dans des actions visant l’amélioration des capacités contributive de ses membres ainsi que de leur niveau de prévention contre les maladies.

C’est pour cela que ce Vendredi 12/12/2026 la MUNASA-TWITWARARIKANE en partenariat avec l’Appui aux Initiatives Communautaires APIC en sigle, a procédé à la distribution de 100 lapins en provenance de la ferme-école de l’APIC aux membres de la section SHOMBO en région centre où chacun a reçu un mâle et une femelle.

Frédéric NIZIGIYIMANA, Coordinateur des activités de la MUNASA-TWITWARARIKANE en région Centre a demandé aux bénéficiaires de prendre soin de ces lapins en les élevant conformément aux instructions données par Mr NDIHOKUBWAYO Elie, responsable de la ferme- école de l’APIC à Mahonda mais aussi d’éviter les mauvaises pratiques de vendre ou de les abattre sans qu’ils ne se reproduisent.

Mr SINDAYIGAYA Clément, chef de la colline Shombo quant à lui a salué cette initiative de distribution des lapins qui soutiens la campagne nationale d’élevage des lapins pour la sécurité alimentaire et les revenus inscrit dans la politique agricole nationale.

La remise des lapins a été clôturée dans une ambiance de joie des bénéficiaires.

Le projet de distribution des lapins se poursuivra dans d’autres sections et régions de la MUNASA-TWITWARARIKANE.

18/12/2025

En date du 09 décembre 2025, la coordination Nationale de la Mutuelle Nationale de Santé MUNASA-TWITWARARIKANE a organisé un atelier d’échanges sur l’assurance maladie et les services offerts par la MUNASA-TWITWARARIKANE à la paroisse Maramvya à l’endroit de la communauté sacerdotale de la région pastorale de Karusi, relevant de l’Archidiocèse de Gitega.

La rencontre a débuté par une prière, suivie de la présentation de la délégation de la MUNASA-TWITWARARIKANE.
L’atelier proprement dit a été animé par M. Idesbald NSABIMANA ; Administrateur Délégué Nationale de la MUNASA-TWITWARARIKANE qui a expliqué en profondeur ce qu’est la protection sociale, ce qu’est une mutuelle communautaire de santé, ainsi que la mission et le fonctionnement de la Mutuelle Nationale de Santé MUNASA-TWITWARARIKANE.

Monseigneur Nestor NIYOKINDI, Vicaire Général de l’Archidiocèse de Gitega, a vivement salué cette initiative de dialogue menée avec les membres, notamment les communautés sacerdotales, en soulignant l’importance capitale d’une telle activité. Il a encouragé la poursuite de tels échanges dans d’autres vicariats afin de sensibiliser davantage de prêtres à adhérer à la MUNASA-TWITWARARIKANE. Selon lui, cette mutuelle de santé, en plus de sa crédibilité, pourrait réduire de manière significative le budget consacré aux soins de santé des prêtres et du personnel de l’archidiocèse de Gitega.

L’Abbé Gamaliel NTAHOKAGIYE, vicaire épiscopal de Karusi et aumônier national de la MUNASA-TWITWARARIKANE, a également apporté sa contribution lors des échanges.

Avant de clore la rencontre, les participants ont exprimé leur gratitude, posé différentes questions et formulé plusieurs suggestions. Ils se sont dits satisfaits de la franche collaboration entre la MUNASA-TWITWARARIKANE et ses membres et ont souhaité que cette dynamique se renforce.

Enfin, il convient de rappeler que la majorité de la communauté sacerdotale, ainsi que plusieurs des congrégations religieuses de l’archidiocèse, sont membres de la Mutuelle Nationale de Santé MUNASA-TWITWARARIKANE.

Kuri uyu wa 09 Kigarama 2025, Urwego mpuzabikorwa rwa MUNASA-TWITWARARIKANE ku rwego rw’ igihugu, rwaratunganije ikigani...
12/12/2025

Kuri uyu wa 09 Kigarama 2025, Urwego mpuzabikorwa rwa MUNASA-TWITWARARIKANE ku rwego rw’ igihugu, rwaratunganije ikiganiro cabereye kuri paruwasi gatorika ya Maramvya kikaba citabwe n’ abasaserdoti bo mu ntara y’ ubutumwa ya Karusi, iri muri diyoseze nkuru ya Gitega.

Inyuma y’ igisabisho no kwidondora kw’abakozi ba MUNASA-TWITWARARIKANE; Idesbald NSABIMANA, Umuhuzabikorwa wa MUNASA-TWITWARARIKANE ku rwego rw’ igihugu yaratanguje ikiganiro nyezina, aho yasiguye neza ico arico gukinga no gutegekaniriza kazoza; ico ari co mutuweri muri rusangi n’ ico ari co MUNASA-TWITWARARIKANE.

Musenyeri Nestor NIYOKINDI, icariho c’ Umwungere muri diyoseze nkuru ya Gitega, yarashimye cane ico gikorwa co kwegera abanywanyi ngo bayage ivyerekeye iyo mituweri, cane cane umuryango w’ abihebeye Imana basanzwe barimwo. Yasavye ko ivyo biganiro vyobandanya bikorwa no mu zindi ntara z’ ubutumwa.
Asozera avuga ko uretse ko ari mutuweri yizewe cane, ishobora no kugabanya amafaranga menshi agenewe kuvuza abasaseredoti n’abakozi ba diyoseze mu gihe boyihurumbira.

Patiri Gamaliel NTAHOKAGIYE, icariho c’ umwungere mu ntara y’ ubutumwa ya Karusi akaba n’umwibutsamana wa MUNASA-TWITWARARIKANE, na we nyene yaratanze intererano zikomeye muri ico kiganiro.

Mu kurangiza, abari ngaho, barabajije ibibazo bitandukanye bongera batanga n’ ivyiyumviro vyubaka. Barakengurutse cane ukuntu MUNASA-TWITWARARIKANE yitwararika abanywanyi bayo bongera basaba ko uko kwitwararikana kwoguma gutera imbere.

Tworangiza tubamenyesha ko igice kinini c’abasaserdoti, hamwe n’imiryango y’abihebeyimana ari abanywanyi ba MUNASA-TWITWARARIKANE.

Address

Muyinga

Opening Hours

Monday 07:30 - 17:00
Tuesday 07:30 - 17:00
Wednesday 07:30 - 17:00
Thursday 07:30 - 17:00
Friday 07:30 - 17:00

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Munasa-Twitwararikane posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share